Australiya

From Wikipedia
Jump to navigation Jump to search
Ibendera ya Australiya
Australiya

Ubwenegihugu bwa Australiya n’intambwe ikomeye cane muri kahise kawe k’umwimukira. Ukuba umwenegihugu wa Australiya bimenyesha ko wiyemeje ko uzobandanya ivyo Australia iharanira n’ico iki gihugu kimaze. N’intango kandi yo kuba umunywanyi ashitse wa Australiya. N’intambwe izotuma uvuga uti "ndi Umunyaustraliya".

Australiyaga tawrif buyuruvchilar uchun. Bu yer juda chiroyli va dunyoning eng zur joyidir.

Igihugu ca Australiya[edit | edit source]

Mu myaka yakurikiye, izo koloni uko zari zitandukanye zaciye ziharira ingene zoba igihugu kimwe. Mu 1901, amakoloni yose yaciye yiyunga agira igihugu kimwe bise Commonwealth of Australia. Muri ico gihe, abantu ba Australiya bangana imiliyoni 4. Iki gitigiri ntiharimwo Benagataka.

Intara n’ibice vyisunga intara vya Australiya[edit | edit source]

Ico bita Commonwealth ni intara n’ibice vy’intara vyiyunze. Hari intara zitandatu n’ibice vy’intara bikuru bibiri. Canberra ni umurwa mukuru w’igihugu, intara yose n’igice gikukira intara ifise umurwa mukuru wayo.

Intara Umurwa mukuru
New South Wales (NSW) Sydney
Victoria (Vic.) Melbourne
Queensland (Qld) Brisbane
Western Australia (WA) Perth
South Australia (SA) Adelaide
Tasmania (Tas.) Hobart
Ibice vyisunga intara Umurwa mukuru
Australian Capital Territory (ACT) Canberra
Northern Territory (NT) Darwin
Canberra niwo kandi murwa mukuru wa Australiya

Umusi witiriwe Anzac[edit | edit source]

Anzac Cova (Turukiya)

Umusi wa Anzac uhimbazwa igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kwa Ndamukiza buri mwaka. Uwo musi wa Anzac wahawe iryo zina inyuma yaho intwaramiheto za Australiya na New Zealand zashika Gallipoli muri Turukiya mugihe c’intambara y’isi yose ya 1 kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa Ndamukiza 1915.

Umusi wahariwe Anzac n’umusi twibuka ukwitanga kwa Abanyaustraliya bakoreye igihugu n’abandi baguye k’urugamba, tukibuka n’ingwano zabaye hamwe n’ibikorwa vyo kubungabunga amahoro. Dushimagiza kandi ukwitanga n’ubukerebutsi bw’abashingantahe n’apfasoni ba Australiya.

[edit | edit source]

[edit | edit source]